Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Yosuwa na Bani na Sherebiya, na Yamini na Akubu, na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya, na Kelita na Azariya na Yozabadi, na Hanani na Pelaya n’ Abalewi, abo ni bo basobanurira abantu ivy’ ivyagezwe, abantu bakaguma aho bari;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 8:7
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami arahindukira, ahezagira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli; kand’ iryo koraniro ryose ryari rihagaze.


Hezekiya aremēsha imitima y’Abalewi bose bāgira umwete wo gukorera Uhoraho. Nukw abantu bamara iyo misi ndwi barya ivy’ iyo misi mikuru, batanga ibimazi vy’ishimwe, bakengurukira Uhoraho Imana ya ba sekuruza.


Kand’ abarira Abalewi berejwe Uhoraho, ari bo bigisha Abisirayeli bose, ati Ni mushire isandugu yera mu ngoro Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli yubatse; ntimuzosubira kurinda kuyirerura ku bitugu vyanyu ukundi. None rero ni mukorere Uhoraho Imana yanyu, bo n’abantu biwe b’Abisirayeli.


Maze kubg’ ikiganza ciza c’ Imana yacu cari kuri twebge batuzanira umuntu w’umunyabgenge wo mu bandurutse kuri Mahili, Mahili wa Lewi, Lewi wa Isirayeli; batuzanira na Sherebiya n’abahungu biwe na bagenzi biwe ukw ar’ icumi n’umunani,


na Shabetayi na Yozabadi, ni bo bākoresha ibikorwa vy’ingoro y’Imana vyo hanze, kandi bar’ abakuru bo mu Balewi.


Abashibamyi, Akubu na Talimoni na bagenzi babo bāshibama ku marembo, bose na bose bar’ ijana na mirongwirindwi na babiri.


Akurikirwa n’Abalewi, Rehumu mwene Bani, na we akurikirwa na Hashabiya, umukuru aganza igice c’ intāra y’i Keyila, asana akorera intāra yiwe.


Hakurikira umukuru w’i Misipa, ni we Ezeri mwene Yeshuwa, asana igihimba kirābana n’ahadondagirwa hadūga ku nzu y’ ibirwanishwa iri ku mfuruka y’ uruzitiro.


Na bo bakurikirwa na Benyamini na Hashubu, basana aharābana n’ inzu yabo; bakurikirwa na Azariya mwene Mayaseya, Mayaseya wa Ananiya, asana ahabangikanye n’inzu yiwe.


Nukw abantu bose baraheza baja kurya no kunywa no kugemuranira no kunezeranwa akanyamuneza kenshi, kuko bari batahuye amajambo basobanuriwe.


Ezira, uwo munyabgenge w’ivyanditswe, yar’ ahagaze ku mutara w’ibiti, bubakiye ico gikorwa nyene, yar’ ahagararanye na Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilukiya na Mayaseya; abo ni bo bār’ i buryo bgiwe; i bumoso bgiwe hāri Pedaya na Mishayeli na Malikiya na Hashumu na Hashibadana na Zekariya na Meshulamu.


Ezira araheza ahimbaza Uhoraho Imana isumba vyose, abantu bose bashira amaboko hejuru, bati Amen, Amen. Baraheza barunama bashika hasi imbere y’Uhoraho, bubika amaso kw isi.


babasomera mu gitabo c’ ivyagezwe vy’Imana mu buryo bgumvikana, barabibasobanurira kugira ngo batahure ivyo basomewe.


Bahagarara aho bari, bamara igice ca kane c’umurango basoma igitabo c’ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yabo, ikindi gice ca kane nyene bakimara bātura ivyaha vyabo, basenga Uhoraho Imana yabo.


Maze Yosuwa na Bani na Kadimiyeli na Shebaniya na Buni na Sherebiya na Bani wundi na Kenani bahagarara ahataramutse hubakiwe Abalewi, bashira ijwi hejuru batakambira Uhoraho Imana yabo.


kandi kugira ngo mwigishe Abisirayeli ivyagezwe vyose narungikanye Mose.


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Bazokwigisha aba Yakobo amatēka washinze, Bigishe Abisirayeli ivyagezwe vyawe. Bazokumotereza imibavu, Bakwosereze ibimazi bidasonōye ku gicaniro cawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ