Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 8:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ezira araheza ahimbaza Uhoraho Imana isumba vyose, abantu bose bashira amaboko hejuru, bati Amen, Amen. Baraheza barunama bashika hasi imbere y’Uhoraho, bubika amaso kw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 8:6
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburamu yishura umwami w’i Sodomu, ati Narahiye Uhoraho mmanitse ukuboko, ni we Mana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi,


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, n’ashemagizwe Nk’uko vyamye uhereye kera hose, ugashitsa ibihe bidashira. Nukw abantu bose baritabiriza, bati Amen; batazira Uhoraho.


Ni co catumye Dawidi ashimira Uhoraho imbere y’ikoraniro ryose, akavuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya sogokuruza wacu Isirayeli, ur’ uwo guhimbazwa ibihe bitazoshira.


Dawidi araheza abarira iryo koraniro ryose, at’ Enda ni muhimbaze Uhoraho Imana yanyu. Nukw ikoraniro ryose bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bunamika amaso, bakubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho n’imbere y’umwami.


Maze Yehoshafati yunamika amaso, akubita inkoro hasi, n’ Abayuda bose n’ababa i Yerusalemu barūnama bashika hasi imbere y’Uhoraho, baramusenga.


None ngabiye mu mutima wanje gusezerana isezerano n’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi butuveko.


Kand’ umwami Hezekiya n’abaganwa babarira Abalewi kuririmbira Uhoraho ishimwe mu ndirimbo za Dawidi n’iza Asafu kamenyi; nuko baririmba ishimwe banezerewe, bunamika amaso, barasenga.


Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,


Maze nkunkumura umutamana wanje, nt’ Umuntu wese atazoshitsa iri jambo, Imana iz’ imukunkumure mu nzu yiwe no mu vyiwe; az’ abe ari kw akunkumurwa, asigare agaragara. Nukw ikoraniro ryose riremera, riti Amen; baraheza bahimbaza Uhoraho. Nukw abantu bagumya iryo sezerano.


Yosuwa na Bani na Sherebiya, na Yamini na Akubu, na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya, na Kelita na Azariya na Yozabadi, na Hanani na Pelaya n’ Abalewi, abo ni bo basobanurira abantu ivy’ ivyagezwe, abantu bakaguma aho bari;


Mutarike amaboko yanyu, muyatumbereje ahēra, Mushemagize Uhoraho.


Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu, N’amaboko yanje kuyatarika kube nk’ikimazi co ku mugoroba.


Wumvirize ijwi ry’ukwinginga kwanje uko ngutakambiye, Uko ntaritse amaboko, ndayatumbereje ahēra h’urusengero rwawe.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ahimbazwe, Uhereye kera hose, ukageza ibihe vyose, Amen, kandi Amen.


Uko ni ko nzoguhimbaza, nkiriho: Nzotarika amaboko mw izina ryawe.


Kuk’ Uhoraho ar’ Imana ihambaye, N’Umwami ahambaye, asumba ibigirwamana vyose.


muze mubishure, mut’ Iki ni co kimazi citwa Pasika y’Uhoraho, kuko yarenganye amazu yacu Abisirayeli, turi muri Egiputa, akayaziguriza, igihe yica Abanyegiputa. Abantu barunama, barasenga.


Abantu baca baremera: maze bumvise yuk’ Uhoraho yagendeye Abisirayeli, akabona amarushwa barimwo, bunamika amaso, barasenga.


Yeremiya ūvugishwa n’Imana aravuga, at’ Amen! Uhoraho n’ akore nk’uko! Uhoraho n’ashitse amajambo yawe uvugishijwe, agarukane ivy’ imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho, n’abo bose bānyazwe, abakūre i Babuloni abazane aha hantu!


Ducurūrire imitima yacu Imana yo mw ijuru, tuyitarikiye amaboko,


Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.


Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Iy’ ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’ ūri ku ruhande rw’abatungu yoshobora ate kuvuga, ati Amen, ni waheza gushima, kand’ atamenye ic’ uvuze?


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:


Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ