Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 8:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ezira, uwo munyabgenge w’ivyanditswe, yar’ ahagaze ku mutara w’ibiti, bubakiye ico gikorwa nyene, yar’ ahagararanye na Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilukiya na Mayaseya; abo ni bo bār’ i buryo bgiwe; i bumoso bgiwe hāri Pedaya na Mishayeli na Malikiya na Hashumu na Hashibadana na Zekariya na Meshulamu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 8:4
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kandi Salomo yari yashinze ikintu kirekire c’imiringa co guhagararako; uburebure bgaco bg’ umurambararo bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atanu nyene, uburebure bg’igihagararo bgar’ amatambge atatu; yari yagishinze mu rugo rw’intangāro hagati; ni ho yar’ ahagaze; nukw araheza apfukama imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, agaranzura amaboko ayatumbereje mw ijuru,


Mu ba Bani, ni Meshulamu na Maluki na Adaya na Yashubu na Sheyeli na Yeremoti.


Mu ba Hashumu, ni Matenayi na Matata na Zabadi na Elifeleti na Yeremayi na Manase na Shimeyi.


na Mayaseya mwene Baruki, Baruki wa Kolihoze, Kolihoze wa Hasaya, Hasaya wa Adaya, Adaya wa Yoyaribu, Yoyaribu wa Zekariya Umunyeshiloni.


Ababenyamini n’aba: Salu mwene Meshulamu, Meshulamu wa Yohedi, Yohedi wa Pedaya, Pedaya wa Kolaya, Kolaya wa Mayaseya, Mayaseya wa Itiyeli, Itiyeli wa Yeshaya;


mu ba Ezira ni Meshulamu; mu ba Amariya ni Yehohanani;


Ezira agisoma ahagaze yerekeye ico kibuga kir’ imbere y’irembo ry’amazi, agisomera abagabo n’abagore n’ abandi bashoboye kwumva, uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka, kand’ abantu bose bari bateze amatwi bumviriza ivy’ ico gitabo c’ivyagezwe.


Nuko Ezira azingurura igitabo abantu bose babona, kuko yar’ ahagaze ahisumbuye; maz’ akikizingurura abantu bose bava hasi.


Bahagarara aho bari, bamara igice ca kane c’umurango basoma igitabo c’ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yabo, ikindi gice ca kane nyene bakimara bātura ivyaha vyabo, basenga Uhoraho Imana yabo.


Maze Yosuwa na Bani na Kadimiyeli na Shebaniya na Buni na Sherebiya na Bani wundi na Kenani bahagarara ahataramutse hubakiwe Abalewi, bashira ijwi hejuru batakambira Uhoraho Imana yabo.


at’ Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bicaye ku ntebe ya Mose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ