Nehemiya 8:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Ezira agisoma ahagaze yerekeye ico kibuga kir’ imbere y’irembo ry’amazi, agisomera abagabo n’abagore n’ abandi bashoboye kwumva, uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka, kand’ abantu bose bari bateze amatwi bumviriza ivy’ ico gitabo c’ivyagezwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ezira, uwo munyabgenge w’ivyanditswe, yar’ ahagaze ku mutara w’ibiti, bubakiye ico gikorwa nyene, yar’ ahagararanye na Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilukiya na Mayaseya; abo ni bo bār’ i buryo bgiwe; i bumoso bgiwe hāri Pedaya na Mishayeli na Malikiya na Hashumu na Hashibadana na Zekariya na Meshulamu.