Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 8:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kand’ ikoraniro ryose ry’abāgarutse bavuye mu kinyago bīcīra insāgo bazirāramwo. Uhereye mu gihe ca Yosuwa mwene Nuni ukageza kur’ uwo musi Abisirayeli ntibaribgigere bagira nk’uko; nuko haba umunezero mwinshi cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 8:17
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo musi bararya baranywa bar’ imbere y’Uhoraho, bafise akanyamuneza kenshi. Maze bongera kwimika Salomo umuhungu wa Dawidi ubugira kabiri, ngw abe umwami, bamurobanuza amavuta imbere y’Uhoraho ngw abe segaba, na Sadoki ngw abe umuherezi.


Nukw i Yerusalemu haba akanyamuneza kenshi, kuk’ uhereye ku ngoma ya Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli, hatāri harīgeze kuba ibihwanye n’ivyo i Yerusalemu.


Ntihīgeze kuba umusi wa Pasika uhwanye n’uyo mu Bisirayeli, uhereye mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli; kandi nta wundi mu bami b’Abisirayeli yagize umusi mukuru wa Pasika uhwanye n’uwo Yosiya yagize, bo n’abaherezi n’Abalewi n’Abayuda bose n’ Abisirayeli bāri ngaho, n’ababa i Yerusalemu.


akāma atanga ivyashinzwe na Mose vyatangwa uko bukeye, bo n’ivyo ku masabato n’ivyo mu mboneko z’ukwezi, n’ivyo ku misi mikuru yashinzwe, nk’ukw ikurikirana gatatu‐gatatu mu mwaka, ari yo misi mikuru y’imitsima itambiwe, n’umusi mukuru ukurikira amasabato ndwi, n’imisi mikuru y’insago.


Bagira imisi mikuru y’insago, nk’uko vyanditswe, batanga ibimazi vyo kwoswa vyo ku musi n’ umusi, nk’ukw igitigiri cavyo kiri, uko vyari vyarashinzwe ngo babikurikiranye uko bukeye;


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Iyo misi ukw ar’ indwi muze muyigire mikuru yo kuninahaza Uhoraho Imana yanyu muri ha hantu azoba yātoranije; kuk’ Uhoraho Imana yanyu azoba yabahaye umugisha mu myimbu yanyu yose, no mu bikorwa vyose mwakoze, kandi muzoba munezerewe rwose.


Abo bose bāpfuye bacizeye, batarahabga ivyasezeranywe, ariko bārabibona biri kure bakabisāsirira, bakemera kw ar’ akavantara n’ingenzi kw isi.


Ukwizera ni kwo kwatumye aba inyambukīra mu gihugu yasezeraniwe, nk’ikitar’ iciwe, akabana mu mahema na Isaka na Yakobo, abāraganywe na we ivyo vyasezeranywe.


Kukw iyaba Yosuwa yarabaruhuye, ntiba yaravuze ubga nyuma ivy’ uwundi musi.


Mose umusavyi w’Uhoraho amaze gupfa, Uhoraho abarira Yosuwa mwene Nuni umufasha wa Mose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ