Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 8:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nukw abantu bava hasi baragenda barondera amashami, bīcīra insāgo, hejuru ku nzu zabo, no mu ngo zabo, no mu ntangaro y’ingoro y’Imana, no ku kibuga co kw irembo ry’amazi no ku co kw irembo ry’Abefurayimu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 8:16
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umusi ur’ izina ku mugoroba, Dawidi amaze kwibambura ku kirwa, agendagenda hejuru ku ngoro yiwe; maz’ akiri hano hejuru, aja abona umugore arikw ariyuhagira, kandi yari mwiza ateye igomwe.


Maze Yehowasi umwami w’Abisirayeli afata mpiri Amaziya umwami w’i Buyuda, mwene Yowasi, Yowasi mwene Ahaziya, amufatira i Beti‐shemeshi nyene; aca aja i Yerusalemu, asangangura uruzitiro rwaho rw’amabuye, uhereye kw irembo ry’Abefurayimu ugashitsa kw irembo ryo ku mfuruka, hose har’ amatambge amajana ane y’ ukuboko uciriye mu nkokora.


Maze Yehoshafati ahagarara mw ikoraniro ry’Abayuda n’ab’i Yerusalemu aho nyene ku ngoro y’Uhoraho, ahahanganye n’urugo rusha;


Kandi yubakira izo ngabo zose zo kw ijuru ibicaniro mu ntangaro no mu nyubakwa vyo ku ngoro y’Uhoraho.


baca kw irembo rija kw iriba batumbera imbere yabo, badūgira ahadondagirwa haja mu gisagara ca Dawidi, ah’ uruzitiro rudūgira haruguru y’ingoro yar’ iya Dawidi, bashika kw irembo ry’amazi ryerekeye i burasirazuba.


Maze baca haruguru y’irembo ry’Abefurayimu no kw irembo rya kera, no kw irembo ryitwa iry’ Amafi, no ku munara wa Hananeli, no ku wa Hameya, bashika kw irembo ry’intama; nuko bahagarara kw irembo ry’abateramyi.


bo n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero bāba muri Ofeli; basana ahahereranye n’irembo ry’amazi ryerekeye i burasirazuba, bo n’ umunara wometseko.


Maz’ abantu bose iyo bava bakagera bakoranira icarimwe ku kibuga kir’ imbere y’irembo ry’ amazi, basaba Ezira, umunyabgenge w’ivyanditswe, ngw azane igitabo c’ivyagezwe vya Mose, bimwe Uhoraho yaha Abisirayeli.


Ezira agisoma ahagaze yerekeye ico kibuga kir’ imbere y’irembo ry’amazi, agisomera abagabo n’abagore n’ abandi bashoboye kwumva, uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka, kand’ abantu bose bari bateze amatwi bumviriza ivy’ ico gitabo c’ivyagezwe.


ingo z’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda zizoba ibihumane, zimere nk’aha hantu i Tofeti, mbere n’amazu yose būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu inyenyeri zose, ari zo ngabo zo kw ijuru, bagasukira ibiturire izindi mana.


n’Abakaludaya bateye iki gisagara, bazogishikamwo bagiturire bagitongore, bo n’amazu būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu Bayali, bagasukira ibiturire izindi mana, kugira ngo bantere ishavu.


Ni hagira uwubaka inzu nsha muri mwebge, wewe uyubaka uz’ uyikīkūzekw igikugiro hejuru co gutangīra umuntu, ntakoroke, bigahava bizanira inzu yawe guharūrwakw amaraso y’uno akorotse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ