Nehemiya 8:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)16 Nukw abantu bava hasi baragenda barondera amashami, bīcīra insāgo, hejuru ku nzu zabo, no mu ngo zabo, no mu ntangaro y’ingoro y’Imana, no ku kibuga co kw irembo ry’amazi no ku co kw irembo ry’Abefurayimu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Maze Yehowasi umwami w’Abisirayeli afata mpiri Amaziya umwami w’i Buyuda, mwene Yowasi, Yowasi mwene Ahaziya, amufatira i Beti‐shemeshi nyene; aca aja i Yerusalemu, asangangura uruzitiro rwaho rw’amabuye, uhereye kw irembo ry’Abefurayimu ugashitsa kw irembo ryo ku mfuruka, hose har’ amatambge amajana ane y’ ukuboko uciriye mu nkokora.