14 Baraheza basanga ko mur’ ivyo vyagezwe Uhoraho yahaye Mose handitswe ko mu kwezi kw’indwi Abisirayeli bazokwama bagira imisi mikuru yo kurāra mu nsāgo,
Ku musi ugira kabiri abakuru b’amyazu ya ba sekuruza bo mu bantu bose, n’abaherezi n’Abalewi, bakoranira kuri Ezira umunyabgenge w’ivyanditswe, kugira ngo bashire ayo majambo y’ivyagezwe ku mitima.
ati Barira Abisirayeli, uti Ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi nyene, ni ho hazoba umusi mukuru wo kunyubaha w’insago: iz’ ibe imisi mikuru gushitsa indwi.