Ku musi ugira kabiri abakuru b’amyazu ya ba sekuruza bo mu bantu bose, n’abaherezi n’Abalewi, bakoranira kuri Ezira umunyabgenge w’ivyanditswe, kugira ngo bashire ayo majambo y’ivyagezwe ku mitima.
kuba icibutso c’imisi Abayuda bāruhukiyekw abansi babo, n’ukwezi kwabahindukiye ukw’ umunezero mu gishingo c’umubabaro, bakaronka umusi mwiza mu gishingo c’uwo kugandarako; kand’ ababarira ko bayigira imisi yo gutumiranako no kunezerwa, n’iyo kugemuriranirako no kugabira aboro.