Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nukw abantu bose baraheza baja kurya no kunywa no kugemuranira no kunezeranwa akanyamuneza kenshi, kuko bari batahuye amajambo basobanuriwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 8:12
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo musi bararya baranywa bar’ imbere y’Uhoraho, bafise akanyamuneza kenshi. Maze bongera kwimika Salomo umuhungu wa Dawidi ubugira kabiri, ngw abe umwami, bamurobanuza amavuta imbere y’Uhoraho ngw abe segaba, na Sadoki ngw abe umuherezi.


Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.


Abalewi na bo bahoza abantu bose, bati Ni mwihorere, kuk’ uyu musi ar’ uwera, ntimubabare.


Ku musi ugira kabiri abakuru b’amyazu ya ba sekuruza bo mu bantu bose, n’abaherezi n’Abalewi, bakoranira kuri Ezira umunyabgenge w’ivyanditswe, kugira ngo bashire ayo majambo y’ivyagezwe ku mitima.


kuba icibutso c’imisi Abayuda bāruhukiyekw abansi babo, n’ukwezi kwabahindukiye ukw’ umunezero mu gishingo c’umubabaro, bakaronka umusi mwiza mu gishingo c’uwo kugandarako; kand’ ababarira ko bayigira imisi yo gutumiranako no kunezerwa, n’iyo kugemuriranirako no kugabira aboro.


Nta ho nasubiye inyuma ngo mve mu vyagezwe yashinze; Nashize umutima ku majambo yo mu kanwa kayo kuruta uko ndawushira ku vyo kurya bintunga.


Ivyo wihanikirije navyākiriye ngo bibe umwandu wanje w’ibihe bidashira, Kukw ari vyo kanyamuneza k’umutima wanje.


Ni co gituma nkunda amabgirizwa yawe, Nkayarutisha izahabu, mbere naho yoba izahabu iramuye.


Guhishurirwa amajambo yawe kuzana umuco, Guha abatungu ubgenge.


Nanezererewe inzira y’ivyo wihanikirije Nk’uko nnezererwa ubutunzi bgose.


Nzonezererwa ivyo washinze, Sinzokwibagira ijambo ryawe.


Iminwa yanje ivuge ishimwe, Kuk’ unyigisha ivyo washinze.


Uhoraho, nifuje agakiza kawe, Kand’ ivyagezwe vyawe ni vyo bimpimbara.


Ivyagezwe vyo mu kanwa kawe vyambereye Agasumbajana k’amafeza n’ amazahabu.


Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra.


Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’ amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo.


Baravugana, bati Mbeg’ imitima yacu ko yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!


Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza kimbamwo: kuko kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo.


Abari mw isi bazonezerwa, bazobītamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kukw abo bavugishwa n’Imana bātoneka abari mw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ