Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 8:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 8:10
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku musi ugira umunani w’ iyinga rya kabiri umwami asezera abantu, baramuhezagira, basubira i wabo banezerewe, bahimbawe mu mitima yabo kubg’ ivyiza vyose Uhoraho yagiriye umusavyi wiwe Dawidi n’abantu biwe b’Abisirayeli.


Icubahiro n’ububasha bir’ imbere yiwe, Ubushobozi n’akanyamuneza bir’ ah’ aba.


Abalewi na bo bahoza abantu bose, bati Ni mwihorere, kuk’ uyu musi ar’ uwera, ntimubabare.


Nukw abantu bose baraheza baja kurya no kunywa no kugemuranira no kunezeranwa akanyamuneza kenshi, kuko bari batahuye amajambo basobanuriwe.


Ni co gituma uwo musi w’icumi na kane w’ukwezi kwitwa Adari, Abayuda bo mu misozi, baba mu bisagara bitagira inzitiro, bawugira umusi wo kunezerwa no gutumiranako, n’ umusi mwiza wo kugemuranirako.


kuba icibutso c’imisi Abayuda bāruhukiyekw abansi babo, n’ukwezi kwabahindukiye ukw’ umunezero mu gishingo c’umubabaro, bakaronka umusi mwiza mu gishingo c’uwo kugandarako; kand’ ababarira ko bayigira imisi yo gutumiranako no kunezerwa, n’iyo kugemuriranirako no kugabira aboro.


Abisirayeli banezererwe Iyabaremye; Abana b’i Siyoni bagirire akaneza Umwami wabo.


Kuk’ ur’ icubahiro c’inkomezi zabo: Imbabazi zawe ni zo zizoshirisha hejuru ihembe ryacu.


Umutima unezerewe n’umuti ukiza, Arik’ umutima usāvye wumisha amagufa.


Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.


Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.


kand’ ikindi, yuk’ ubuntu bg’Imana ar’ uk’ umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.


Eh’ ico nabonye kibereye kandi c’igikundiro: n’umuntu kurya akanywa, akanezererwa ivyiza bivuye mu butame bgiwe bgose, ubg’ atamira musi y’izuba, imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye: kukw ivyo ari vyo mugabane wiwe.


Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.


Ndashitse mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje. Nomoroye isenga yanje ku giti, navuvuye imibavu yanje, Nariye ibinyagu vyanje n’ ubūki bganje, Nanyoye vino yanje n’amata yanje. Ni murye, bagenzi, Ni munywe, mbere ni munywe muhimbishwe n’ urukundo.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we yambumvye nkiri mu nda ngo mbe umusavyi wiwe, ngo ndamugarukanire Yakobo, Abisirayeli bakoranirizwe kuri we; kuko nd’ umwubahwa mu nyonga z’Uhoraho, kand’ Imana yanje yambereye inkomezi;


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere.


Mber’ inkono yose ir’ i Yerusalemu n’i Buyuda izoba yerejwe Uhoraho Nyen’ ingabo; maz’ abatanga ibimazi bose bazoza kuzābīra, bazitekemw’ inyama. Kur’ uwo musi nta Munyakanani azoba akigera mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buhērwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo.


naho jewe nokwishimiye ivy’ umubiri. Hogira uwundi wese yokwiyumvira kwishimira ivy’ umubiri, nomurusha.


Abari mw isi bazonezerwa, bazobītamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kukw abo bavugishwa n’Imana bātoneka abari mw isi.


Muti Baza imikangara yawe barabikubarira; muti Ngo Kandi natwe abantu biwe utugirire ubuntu, kuko tuje ku musi mwiza; muti Non’ aragusavye, ngw ico uzoba ufise cose, abe ari co uduha, twebge abasavyi bawe, n’umwana wawe Dawidi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ