Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 8:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ abantu bose iyo bava bakagera bakoranira icarimwe ku kibuga kir’ imbere y’irembo ry’ amazi, basaba Ezira, umunyabgenge w’ivyanditswe, ngw azane igitabo c’ivyagezwe vya Mose, bimwe Uhoraho yaha Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 8:1
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami araheza aradūga, aja ku ngoro y’Uhoraho, bo n’abashingantahe b’i Buyuda bose n’ababa i Yerusalemu bose bari kumwe na we, hamwe n’abaherezi n’abavugishwa n’Imana n’ abantu bose, aboroshe n’abahambaye; abasomera amajambo yose yo mur’ ico gitabo c’isezerano bātoye mu ngoro y’Uhoraho.


Hilukiya abarira Shafani umukarani, ati Ntoye igitabo c’ivyagezwe mu ngoro y’Uhoraho. Hilukiya araheza agiha Shafani.


Umwami araheza aradūga, aja ku ngoro y’Uhoraho, bo n’abashingantahe b’i Buyuda bose n’ ababa i Yerusalemu, bo n’abaherezi n’Abalewi n’abantu bose, abahambaye n’aboroshe; abasomera amajambo yose yo mur’ ico gitabo c’isezerano bātoye mu ngoro y’Uhoraho.


Hanyuma y’ivyo, ku ngoma ya Aritazeruzi umwami w’i Buperesi, haza Ezira mwene Seraya, Seraya wa Azariya, Azariya wa Hilukiya,


kuko Ezira yari yarīnāmūye mu mutima kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho ngw abishitse, kandi ngo yigishe mu Bisirayeli amabgirizwa n’amatēka.


Aya majambo n’amwe n’ayo mu cete umwami Aritazeruzi yahaye Ezira umuherezi ari we mwanditsi, mbere yar’ umwanditsi azi amajambo y’ivyagezwe vy’ Uhoraho n’ivyo yashingiye Abisirayeli:


uwo Ezira aradūga ava i Babuloni; kandi yar’ umunyabgenge w’ivyanditswe kandi w’umuhanga mu vy’ivyagezwe vya Mose vyatanzwe n’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli. Umwami amuha ivyo yamusavye vyose, abiheshwa n’ikiganza c’ Uhoraho Imana yiwe cari kuri we.


Abo ni bo bāriho mu gihe ca Yoyakimu mwene Yosuwa, Yosuwa wa Yehozadaki, no mu gihe ca Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, ari we munyabgenge w’ivyanditswe.


baca kw irembo rija kw iriba batumbera imbere yabo, badūgira ahadondagirwa haja mu gisagara ca Dawidi, ah’ uruzitiro rudūgira haruguru y’ingoro yar’ iya Dawidi, bashika kw irembo ry’amazi ryerekeye i burasirazuba.


bo n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero bāba muri Ofeli; basana ahahereranye n’irembo ry’amazi ryerekeye i burasirazuba, bo n’ umunara wometseko.


Nukw abantu bava hasi baragenda barondera amashami, bīcīra insāgo, hejuru ku nzu zabo, no mu ngo zabo, no mu ntangaro y’ingoro y’Imana, no ku kibuga co kw irembo ry’amazi no ku co kw irembo ry’Abefurayimu.


Ezira agisoma ahagaze yerekeye ico kibuga kir’ imbere y’irembo ry’amazi, agisomera abagabo n’abagore n’ abandi bashoboye kwumva, uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka, kand’ abantu bose bari bateze amatwi bumviriza ivy’ ico gitabo c’ivyagezwe.


Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.


Nuko bazana ivyo Mose yageze imbere y’ihema ry’ibonaniro; ikoraniro ryose ryīgira hafi, rihagarara imbere yo Uhoraho.


Ni mwibuke ivyagezwe vy’ umusavyi wanje Mose, amabgirizwa n’ivyashinzwe, ivyo namugereye i Horebu kuba ivyo kuganza Abisirayeli bose.


Na we arababgira, ati Ni co gituma umunyabgenge w’ivyanditswe wese, amaze guhinduka umwigishwa w’ivy’ ubgami bgo mw ijuru asa na nyen’ urugo asokorora mu vyo atunze ibintu bisha n’ivya kera.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


at’ Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bicaye ku ntebe ya Mose.


Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose;


igihe Abisirayeli bose baje gushengerera Uhoraho Imana yanyu ha hantu azoba yaratoranije, muze muhore musomera ibi vyagezwe Abisirayeli bose.


Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.


Maz’ abantu bose bavira hasi icarimwe, bati Nta muntu n’umwe muri twebge azosubira i muhira canke ngw atahe i we;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ