Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 7:65 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

65 Umucamatēka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 7:65
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umucamateka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


Abāshizekw ikimenyetso n’ aba: icēgēra c’umwami, ari we Nehemiya mwene Hakaliya, na Zedekiya,


abo bārondeye amazina yabo mu gitabo kidōndōra ba sekuruza, ntibayabona, ni co gituma biyumviriwe nk’ abahumanye, bagakūrwa mu buherezi.


Nukw iryo shengero ryose iyo riva rikagera, bose na bose bār’ ibihumbi mirongwine na bibiri n’amajana atatu na mirongwitandatu;


Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza batanze imfashanyo yo gufasha ico gikorwa, n’icēgēra c’umwami na we atanga amahera y’izahabu yitwa dariki igihumbi, n’ibikombe mirongwitanu, n’ imyambaro amajana atanu na mirongwitatu y’abaherezi, babishira mu bubīko.


Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, umunyabgenge w’ivyanditswe, n’Abalewi ari bo bigisha abantu, baraheza bababgira bose, bat’ Uyu musi n’ uwo Uhoraho Imana yanyu yejeje, nta co mubabara kandi reka kurira; kukw abantu bose bariko bararira, aho bumviye amajambo y’ ivyagezwe.


Kand’ uz’ ushire Urimu na Tumimu imbere mur’ uwo mupfuko wo ku gikiriza wo kwahukanya imanza, bibe ku mutima wa Aroni, uko yinjiye imbere yanje; Aroni aze yame yambara ivyo kwahukanya imanza z’Abisirayeli ubudasība, iy’ aje imbere yanje, jewe Uhoraho.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ umugabane wera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa jewe Uhoraho.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Ntibaze babicumbane n’umwambiro. Ndabibahaye, bibe umugabane wabo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; n’ivyera cane, nk’ukw ikimazi gitangirwa ivyaha kimeze, bo n’ic’ impongano.


amwambika na wa mupfuko mu gikiriza, mur’ uwo mupfuko ashiramwo Urimu na Tumimu.


Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.


Aba Lewi abavugako, Ati Tumimu zawe na Urimu zawe zifiswe n’umukunzi wawe, Uwo wageragereje i Masa, Ugahārīrira na we ku mazi y’i Meriba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ