Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza batanze imfashanyo yo gufasha ico gikorwa, n’icēgēra c’umwami na we atanga amahera y’izahabu yitwa dariki igihumbi, n’ibikombe mirongwitanu, n’ imyambaro amajana atanu na mirongwitatu y’abaherezi, babishira mu bubīko.
Kand’ uz’ ushire Urimu na Tumimu imbere mur’ uwo mupfuko wo ku gikiriza wo kwahukanya imanza, bibe ku mutima wa Aroni, uko yinjiye imbere yanje; Aroni aze yame yambara ivyo kwahukanya imanza z’Abisirayeli ubudasība, iy’ aje imbere yanje, jewe Uhoraho.