62 Abo mu ba Delaya no mu ba Tobiya no mu ba Nekoda n’amajana atandatu na mirongwine na babiri.
Abo mu ba Delaya no mu ba Tobiya no mu ba Nekoda n’amajana atandatu na mirongwitanu na babiri.
Kand’ aba ni bo bādūze bava i Telimela n’i Teliharisha n’i Kerubu n’i Adoni n’i Imeri, ariko vyarabananira kwerekana amazu ya ba sekuruza bandurutseko cank’ abo bākomōtseko yukw ar’ Abisirayeli vy’ukuri.
Abo mu baherezi ni bo aba: abo mu ba Habaya, no mu ba Hakosi, no mu ba Baruzilayi, umwe yābiriye umugeni mu bakobga ba Baruzilayi w’Umunyagileyadi, agaca yitiranwa na sebukwe,