44 Abaririmvyi bo mu ba Asafu n’ijana na mirongwine n’umunani.
abo mu ba Asafu ni Zakuri na Yosefu na Netaniya na Asharela, abana ba Asafu nyene, kandi bāgabga na we, yaririmba uk’ umwami amubgirije.
Abaririmvyi bo mu ba Asafu n’ijana na mirongwibiri n’umunani.
Abalewi n’aba: abo mu ba Yosuwa na Kadimiyeli, ari bo bandurutse kuri Hodeva, ni mirongwirindwi na bane.
Abashibamyi n’aba: abo mu ba Shalumu, no mu ba Ateri, no mu ba Talimoni, no mu ba Akubu, no mu ba Hatita, no mu ba Shobayi, bose na bose n’ijana na mirongwitatu n’umunani.