Aba ni bo bāgaba intāra bāba i Yerusalemu; ariko mu bisagara vy’i Buyuda umuntu wese yaba kw itongo ryiwe mu gisagara c’i wabo, Abisirayeli bose n’abaherezi, n’Abalewi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, bo n’ abākomotse ku basavyi ba Salomo.
Kand’ Abalewi ni Yosuwa na Binuwi na Kadimiyeli na Sherebiya na Yuda na Mataniya; Mataniya uwo, bo na bagenzi biwe, ni bo baterera abandi indirimbo z’ ishimwe;