Abakuru b’abantu ni bo bāba i Yerusalemu; maz’ abandi bantu bose bapfinda ubupfindo kugira ng’ umuntu umwe‐umwe mur’ icumi na we az’ agerēre i Yerusalemu ku murwa wera, abandi basigaye babe mu bindi bisagara.
ndababgira, nt’ Amarembo y’i Yerusalemu ntaze yugururwe hataraba ku gasase, kandi ngo bayugarire, inzugi bazishirekw ibihindizo, izuba ritararenga; nti Maze mushireh’ abashibamyi bo mu baba i Yerusalemu, umuntu wese mu gishingo ciwe, aharābana n’inzu yiwe.