Nehemiya 7:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Barangije kwubaka uruzitiro nca nterakw inzugi hose, ntora abashibamyi ndabashiraho, nongera nshirah’ abaririmvyi n’ Abalewi. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko mu mwaka ugira kabiri uhereye aho bashikiye ku kibanza c’ingoro y’Imana i Yerusalemu, mu kwezi kwa kabiri, ni ho Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki batanguriye gukora, bafatanije n’abandi bagenzi babo b’abaherezi n’ Abalewi, n’abavuye mu kinyago bose bakaza i Yerusalemu; bashirah’ Abalewi, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, kugira ngo bahagarikire igikorwa c’ingoro y’Uhoraho.