Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 7:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Barangije kwubaka uruzitiro nca nterakw inzugi hose, ntora abashibamyi ndabashiraho, nongera nshirah’ abaririmvyi n’ Abalewi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 7:1
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko baragenda bahamagara abashibamyi b’irembo ry’igisagara, barababarira, bati Twagiye mu nsago z’ Abasiriya, dusanga hatarangwa umuntu n’umwe, ata n’agakakaza, atar’ amafarasi n’indogoba biziritse, kand’ amahema ar’ uko yakabaye.


Maze Hezekiya ashinga imbu z’abaherezi n’Abalewi, nk’uko zari zisanzwe, nk’uk’ umuntu wese muri bo yar’ asanzwe akora, ar’ abo gutanga ibimazi vyoswa, ar’ abo gutanga ibimazi vy’ishimwe, ar’ abo guhēreza, ar’ abo gushima, ar’ abo guhimbaza, bahagaze ku birimba vy’urugo rw’Uhoraho.


Nuko mu mwaka ugira kabiri uhereye aho bashikiye ku kibanza c’ingoro y’Imana i Yerusalemu, mu kwezi kwa kabiri, ni ho Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki batanguriye gukora, bafatanije n’abandi bagenzi babo b’abaherezi n’ Abalewi, n’abavuye mu kinyago bose bakaza i Yerusalemu; bashirah’ Abalewi, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, kugira ngo bahagarikire igikorwa c’ingoro y’Uhoraho.


Abisirayeli n’Abalewi bazokwama bazana amashikanwa azunguzwa y’ impeke n’aya vino n’ay’ amavuta, bayashingure mu vyumba ah’ imbombovu z’Ahēra zibīkwa, ari ho nyene abaherezi n’abashibamyi n’abaririmvyi barāra. Nta ho tuzohemukira ingoro y’Imana yacu.


Aba ni bo bāgaba intāra bāba i Yerusalemu; ariko mu bisagara vy’i Buyuda umuntu wese yaba kw itongo ryiwe mu gisagara c’i wabo, Abisirayeli bose n’abaherezi, n’Abalewi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, bo n’ abākomotse ku basavyi ba Salomo.


Kand’ abakuru b’ Abalewi ni Hashabiya na Sherebiya na Yosuwa mwene Kadimiyeli na bagenzi babo, bari bashinzwe guhimbaza Imana no kuyishima, bakurikiye ibgirizwa rya Dawidi umuntu w’Imana, bahāna imbu.


Bukeye babgira Sanibalati na Tobiya na Geshemu Umwarabo n’abandi bansi bacu, yuko nujuje uruzitiro kandi kw ata kirengero kigisigaye, naho ntaribgatere inzugi ku marembo.


Ku musi ugira mirongwibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli ni ho twarangije uruzitiro, tumaze imisi mirongwitanu n’ibiri turwubaka.


Kandi bama bambgira ivyiza kuri we, bakongera bakamubgira amajambo yanje; Tobiya na we akandungikira ivyete vyo kuntera ubgoba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ