9 Kuko bose bāgomba kudutera ubgoba, bati Bazohava bacika intege, igikorwa gihere aho. Ariko none Mana, undemeshe.
Ariko mweho mushikame, amaboko yanyu ntadendebukirwe, kukw ibikorwa vyanyu muzobihērwa ingero.
Mber’ izo ntumwa zivuga n’ ijwi rirenga mu rurimi rw’Ikiyuda, babibarira abantu b’i Yerusalemu bāri hejuru ku ruzitiro rw’amabuye, ngo babatere ubgoba, babarandure imitima, kugira ngo babone kunesha ico gisagara.
Ababanyi babo bose babaha intererano z’ibintu vy’amafeza n’amazahabu n’ibindi, bo n’ibitungano n’ibintu vy’igiciro kinini, ukūyemw’ ivyo bashikanye vyose bivuye ku mitima ikunze.
Ndaheza ndasenga, nt’ Ewe Mana yanje, uze wibuke Tobiya na Sanibalati kubg’ ivyo bakoze, hamwe na Nowadiya wa mumenyikazi, n’abandi ba kamenyi bashatse kuntera ubgoba.
Umusi nagutakambiyeko waranyishuye, Undemeshesha gusubiza intege mu mutima wanje.
Igihe cose ntinye Nzokwizigira.
Mana, urateye ubgoba ur’ ahēra hawe: Imana y’Abisirayeli ni yo iha abantu bayo inkomezi n’ ubushobozi. Imana ihimbazwe.
Uhoraho, ni wewe mpungirako: Sinze nigere mmāramāzwa.
Ni we aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ ūtagira intege amwongeramw’ inkomezi.
ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.
Maz’ abaganwa babgira umwami, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa: kukw adendebura amaboko y’abahizi bagisigaye mur’ iki gisagara n’ay’ abantu bose, ababarira amajambo asa artyo: kuk’ uyu mugabo atifuriza amahoro ubu bgoko, atar’ ivyago.
Maz’ amaboko y’ umwami w’i Babuloni nzoyakomeza, inkota yanje ndayishire mu kuboko kwiwe; arikw amaboko ya Farawo nzoyavuna, kand’ azonihira imbere yiwe umuniho nk’uw’ ūkomeretse uruguma rw’intakira.
Nzobaha gukomezwa nanje Uhoraho, na bo bazogendagendera mw izina ryanje, ni k’Uhoraho agize.
Arambarira, at’ Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke. Nuko cane‐cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko.
ngw abahe, nk’ukw itunga ry’ubgiza bgiwe riri, kuremeshwa n’ubushobozi imbere mu mitima mubihawe na Mpwemu wiwe:
Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.
Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.
Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega:
Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.
Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.