Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.
Ariko Paulo aramwishura, ati Mpagaze aha imbere y’intebe y’imanza ishinzwe na Kayisari, ni ho nkwiye gucirwa urubanza. Nta kibi nagiriye Abayuda, kandi nawe urabizi neza.