Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 6:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ndaheza ndasenga, nt’ Ewe Mana yanje, uze wibuke Tobiya na Sanibalati kubg’ ivyo bakoze, hamwe na Nowadiya wa mumenyikazi, n’abandi ba kamenyi bashatse kuntera ubgoba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 6:14
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndaheza ndasaba, nt’ Ewe Mana yanje, ubibuke kuko bāhumanije ubuherezi bo n’isezerano ry’ ubuherezi nyene n’iry’ Abalewi.


Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ivyo nagiriye aba bantu uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.


Uhoraho, ibuka Abanyedomu Ivyo bagize wa musi w’i Yerusalemu; Ni bo bavuze, bati Ni muhasangangure, ni muhasangangure, Mushitse no kw itanguriro ryaho.


Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje, Ukaba kure ntuntabare, kure y’amajambo yo kuniha kwanje?


Mana, ni wewe Mana yanje; nzozinduka nkurondere. Umutima wanje ukugirira inyota, umubiri wanje ukwifuriza Mu gihugu cumye, kiruhijwe, kitagira amazi.


Kandi Miriyamu yavugishwa n’Imana, mushiki wa Aroni, ahitana agashāko k’ingoma; abagore bose barasohoka, baramukurikira bari n’udushāko tw’ingoma, bagenda baravyina;


None rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vya ba kamenyi bavuga mw izina ryanje, kandi ntābatumye, yamara bakavuga ngw Inkota n’inzara ntibizoba mur’ iki gihugu: mber’ inkota n’ inzara ni vyo bizorandura abo ba kamenyi.


Iyo nsohotse nkaja ku gahinga, nsanga abariritswe n’inkota; nashika mu gisagara, ngasanga abazingamitswe n’inzara! Kuko ba kamenyi n’abaherezi bagendagenda mu gihugu ata co bazi.


Maze mur’ uyo mwaka nyene, mu matangura yo kuba ku ngoma kwa Zedekiya, umwami w’i Buyuda, ni wo mwaka wa kane, mu kwezi kwa gatanu, Hananiya mwene Azuri, kamenyi w’i Gibeyoni, ambaririra mu ngoro y’Uhoraho, imbere y’abaherezi n’abantu bose,


Maze Hananiya uwo kamenyi akūra iyo ngōgo mw izosi ry’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, arayivuna.


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya aca abarira Hananiya kamenyi, ati Ni wumve, Hananiya: Uhoraho ntiyagutumye, ariko wizigiza ubu bgoko ivy’ ibinyoma.


Kandi hazokwaduka abīgira abavugishwa n’Imana benshi, bazimize benshi.


Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.


Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Nk’uko Yane na Yambure bārwanije Mose, ni ko n’abo bagabo barwanya ukuri, abo n’abononekaye ubgenge, babaye ibihombe ku kwizera.


Umuntu ni yabona mwene Data wundi akora icaha kitar’ ico kumwicisha, asenge, azohesha ubugingo abakoze ivyaha bitar’ ivyo kubicisha. Har’ icaha co kwicisha: ico si co mvuze kw asengera.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ