Ni hagira ūgurāna amahera umuntu uw’ ari we wese wo mu bantu banje, w’umubanyi wiwe w’umworo, ntaz’ amwugarize mu kumwishuza, kandi ntaz’ amucire ay’ inyungu.
Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.