Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi n’abandi baravuga, bati Twagwatirije amatongo n’inzabibu zacu kugira ngo batugurāne amahera y’ikori ry’umwami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 5:4
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

abuzukuruza babo bari barasigaye mu gihugu, abo Abisirayeli batāshoboye guherengeteza rwose, abo ni bo Salomo yatojemw’ abo gushinga ibikebere, abahindura abaja na bugingo n’ubu.


None nyaguhora ku ngoma, umenye yukw iki gisagara ni cubakwa, inzitiro zaco zikuzura, ntibazotanga ikori, cank’ ikibuguro, cank’ ingorore; nukw iherezo ryavyo abami bazokehanirwa.


Kandi ngo Hābamw’ abami bakomeye cane bāganza i Yerusalemu n’ igihugu cose co hakurya y’uruzi, ngo bagatorezwa ikori n’ikibuguro n’ingorore.


Kandi turabamenyesha ivy’ abaherezi n’Abalewi, n’abaririmvyi n’abashibamyi, n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abakozi bo mur’ iyo ngoro y’ Imana bose uko bangana, ko bitemewe ko bākwa ikori cank’ ikibuguro cank’ ingorore.


Abandi baravuga, bat’ Amatongo yacu n’inzabibu zacu n’amazu yacu tubitangakw ingwati kugira ngo turonke ibidutunga bizodutsindira ikigoyi.


Ereg’ imyimbu myinshi abami waduhaye ngo batuganze kubg’ ivyaha vyacu, ni bo bayimburirwa; badufisek’ ubushobozi bgo kutugirira uko bagomba, ari ku mitumba yacu, ari ku nka zacu; eka turagowe rwose!


Umutunzi atwaza aboro amanyama, Kand’ uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye.


Mugabo ntibirukanye Abanyakanani bāba i Gezeri, arikw abo Banyakanani bībēra mu Befurayimu gushitsa n’ ubu, bahinduka abaja bo gushingwa ibikebere.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ