19 Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ivyo nagiriye aba bantu uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.
Maz’ uz’ unyibuke, ni wamara kumererwa neza, uz’ untabare, ndakwinginze, umvugire kuri Farawo, unkūze mur’ iyi nzu.
ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.
Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ibi uz’ ubinzirikaneko, ntuz’ uhanagure ibikorwa vy’ urukundo nakoreye ingoro yawe, Mana yanje, n’ivyo nakoze vyo gufasha ibihakorerwa.
Ndaheza mbgira Abalewi ngo biyeze, babone kuza gushibama ku marembo, kugira ngo batume umusi w’isabato uziririzwa. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, n’ibi na vyo uz’ ubinzirikaneko, umpangaze nk’ukw imbabazi zawe nyinshi zingana.
kandi natunganije n’ivyo kuzana amashikanwa y’inkwi mu bihe vyashinzwe, bo n’ay’ imishuzo. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.
Uhoraho, nyibukana imbabazi ugirira abantu bawe; Ungenderanire agakiza kawe:
Ariko jeho nd’ umugorwa, nd’ umukene: Yamar’ Uhoraho arambabara. Ni wewe mutabazi wanje n’ umurokozi wanje: Ntutebe Mana yanje.
Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, kw ar’ ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ ivy’ ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw iherezo ryanyu.
Kand’ ūzoha umwe mur’ abo bato urwato rw’amazi apfutse gusa kukw ar’ umwigishwa, ndababgira ukuri yukw atazobura impēra yiwe.
Umuntu wese azobaha n’urwato rw’amazi kuko muri mw izina rya Kristo, ndababgire ukuri, ntazobura impēra yiwe.