16 Ariko nagize umwete wo gukora, nubaka urwo ruzitiro; nta tongo na rimwe twaguze, kandi n’abantu banje bose bāma bakoranira kur’ ico gikorwa.
Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana.
Kand’ abantu ijana na mirongwitanu b’Abayuda n’ababaganza bāma baza kurya i wanje, udashizemw’ abaza bavuye mu mahanga adukikije.
Mose araraka cane, asaba Uhoraho, ati Ntiwemere amashikanwa yabo; urazi kw ata we nanyaze indogoba n’imwe, canke ngo hagire n’umwe nagiriye nabi.
Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.
Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.
Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.
Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.