Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 5:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 5:15
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu aramwishura, ati N’uko nibgiye rwose yukw ata gutinya Imana kuriho ino; nti Kandi bazonyica bampora umugore wanje.


Ku musi ugira gatatu, Yosefu arababarira, at’ Enda genza murtya, mwoye gupfa, kuko ntinya Imana:


Ariko nagize umwete wo gukora, nubaka urwo ruzitiro; nta tongo na rimwe twaguze, kandi n’abantu banje bose bāma bakoranira kur’ ico gikorwa.


Ndongera ndavuga, nt’ Ivyo mukora si vyiza. Mbeg’ ibikwiye s’uko mugenda mwubaha Imana yacu, ntimwitukishe mu bansi bacu b’abanyamahanga?


Kukw ivyago vyovuye ku Mana vyantera ubgoba, Narashishwa kubg’ igitinyiro cayo.


Haleluya! Hahirwa uwubaha Uhoraho, Agahimbarwa cane n’ivyagezwe vyiwe.


Uhoraho anezererwa abamwubaha, Anezererwa abitega imbabazi ziwe.


Ibigabitanyo bikūrwaho n’ imbabazi n’ukuri, Kand’ abantu bakūrwa mu bibi no kwubaha Uhoraho.


Ūganza, iyo yumvira ibinyoma Abasavyi biwe bose baba ar’ abanyavyaha.


Ni nde muri mwebge yubaha Uhoraho, akumvira ijwi ry’umushumba wiwe? Ūgendera mu mwiza, adafise umuco, ni yizigire izina ry’Uhoraho, kandi yisunge Imana yiwe.


Nuko ngura na Hanameli mwene wacu iyo shamvu iri Anatoti, ndamugerera ifeza ku munzane, ziba shekeli cumi n’indwi.


Abagurano ni bo basigaye batuganza: Nta wuriho wo kuturokora ngw atugobotore mu maboko yabo.


Ni mwaramukanya n’incuti zanyu gusa, abandi muzoba mubarusha iki? Abanyamahanga bo si ko bagira?


kand’ aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngōra: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bāmmaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda.


Ayandi mashengero yabarushije iki, atar’ uko jewe ubganje ntābabereye ikirusha? Mumparire ico caha!


Kand’ azobatoza ibigiracumi vy’impeke zanyu n’inzabibu kw amarari, abihe abīshikira biwe n’abantu biwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ