Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 5:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Maze nkunkumura umutamana wanje, nt’ Umuntu wese atazoshitsa iri jambo, Imana iz’ imukunkumure mu nzu yiwe no mu vyiwe; az’ abe ari kw akunkumurwa, asigare agaragara. Nukw ikoraniro ryose riremera, riti Amen; baraheza bahimbaza Uhoraho. Nukw abantu bagumya iryo sezerano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 5:13
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami ahagararana n’inkingi, asezeranira imbere y’Uhoraho kw azomukurikira, no kuzokwitondera ivyagezwe vyiwe n’ amabgirizwa yiwe n’ivyo yashinze, no kuzovyitonderesha umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose, no kuzoshitsa amajambo y’iryo sezerano yanditswe mur’ ico gitabo. Maz’ abantu bose na bo baravyisezeranira.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, n’ashemagizwe Nk’uko vyamye uhereye kera hose, ugashitsa ibihe bidashira. Nukw abantu bose baritabiriza, bati Amen; batazira Uhoraho.


Ezira araheza ahimbaza Uhoraho Imana isumba vyose, abantu bose bashira amaboko hejuru, bati Amen, Amen. Baraheza barunama bashika hasi imbere y’Uhoraho, bubika amaso kw isi.


Nararahiye ndarengwa Yuko nzokwitondera imanza zawe zigororotse.


Uz’ ushikanire Imana ikimazi co gukenguruka; Īsumba vyose uyishitsekw amasezerano yawe.


Musezerane isezerano, murishitse k’Uhoraho Imana yanyu: Uwo Nyene gutinywa, abamukikije bose bamuzanire ingorore.


Abataye ivyagezwe bashima abanyakibi, Arikw abitondera ivyagezwe barabarwanya.


Wopfuma utagira ico usezerana, hak’ usezerana ntushitse.


Kandi n’aya mazi atera umuvumo araja mu mara yawe, agaragamvye inda yawe, anyunyure ikibero cawe. Nuk’ uwo mugore yitabirize, ati Amen, amen!


Kand’ umuntu n’atabākīra, canke ngo yumve amajambo yanyu, mukiva mur’ ino nzu canke muri nya gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu.


Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo.


Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.


Iy’ ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’ ūri ku ruhande rw’abatungu yoshobora ate kuvuga, ati Amen, ni waheza gushima, kand’ atamenye ic’ uvuze?


Maze Samweli aramubarira, at’ Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli, ayihaye mugenzawe akuruta.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ