Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 5:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Mber’ uyu musi mubasubize amatongo yabo, n’imirima yabo y’imizabibu n’imyelayo, n’amazu yabo; mubasubize na ca gice c’ijana c’amahera n’ic’ impeke n’ica vino n’ic’ amavuta ya elayo, ivyo mwābātse kw inyungu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 5:11
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

non’ az’ amurihe uwo mwana w’intama kane, kuko yakoze ikintu nk’ico, akaba imburakigongwe.


Na jewe nyene, twe na bene wacu n’ abantu banje, har’ abamaze kutugurānakw amahera n’impeke; non’ enda tubibahebere.


Na bo baravuga, bati Turabibasubiza, kandi nta co tuzobāka kw inyungu; tuzobigenza nk’uk’ uvuze. Ndaheza mpamagaza abaherezi, ndahiriza abo bantu imbere yabo ko bazobikora nk’uko basezeranye.


Mbeg’ uku si kwo kwisonzesha nshima? S’ukubohora abantu ingoyi z’ukugiriranira nabi, no guhamburura imigozi abatwazwa igitugu, no kurekura impahazwa ngo zīdegemvye, mukavuna ivy’ ugutwaza igitugu vyose?


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


n’amazu yuzuye ivyiza vy’uburyo bgose mutāshizemwo, n’ivyobo vyimbiwe kubīka amazi mutimvye, n’imirima y’imizabibu n’imyelayo mutāteye, mukarya, mukāma mu gahimbo;


Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ