10 Na jewe nyene, twe na bene wacu n’ abantu banje, har’ abamaze kutugurānakw amahera n’impeke; non’ enda tubibahebere.
Kandi dushinze gutanga uk’ umwaka utashe ikigiragatatu ca shekeli, bize bikoreshwe mu ngoro y’Imana yacu,
Mber’ uyu musi mubasubize amatongo yabo, n’imirima yabo y’imizabibu n’imyelayo, n’amazu yabo; mubasubize na ca gice c’ijana c’amahera n’ic’ impeke n’ica vino n’ic’ amavuta ya elayo, ivyo mwābātse kw inyungu.
Mmaze kuvyiyumvirako nca ntonganya abakuru n’abaganza, ndababgira, nti Mbega bene wanyu ko mubāka inyungu ku ngurāne! Ndaheza mpamagara ikoraniro rinini ngo ndababūranye.
Ndongera ndavuga, nt’ Ivyo mukora si vyiza. Mbeg’ ibikwiye s’uko mugenda mwubaha Imana yacu, ntimwitukishe mu bansi bacu b’abanyamahanga?
Ntagurānira amahera kuzohabga ay’ inyungu, Ntiyemera ingurire yo gutsindisha ūfise urubanza. Ūgenza artyo nta kizomunyiganyiza.
Mbeg’ uku si kwo kwisonzesha nshima? S’ukubohora abantu ingoyi z’ukugiriranira nabi, no guhamburura imigozi abatwazwa igitugu, no kurekura impahazwa ngo zīdegemvye, mukavuna ivy’ ugutwaza igitugu vyose?
akagurānira kuzohabga ay’ inyungu, akāka ibirenzeko: ben’ uyo mbega yobaho? Eka ntiyobaho: ko yoba yarakoze ivyo bizira vyose, ntiyobura gupfa; kand’ amaraso yiwe azoba kuri we.
atāgize uwo agunga, arikw akaba yarashubije ingwati nyeneyo; atāgize uwo anyaga ku gahahazo, arikw akaba yaragaburiye ūshonje, akambika impuzu uwambaye ubusa;
akaba atāgurāniye kuzohabga ay’ inyungu, canke ngo yake ibirenzeko na bikeya, arikw agatinyisha ukuboko kwiwe ivyaha, agaca ururoranye ku muntu na mugenzi we,
Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!
Nuko kuko tuzi ingen’ ugutinya Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, arikw Imana turayigaragarira: kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n’imitima yanyu.
Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.
Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa:
Uburyo bgo guheberanira buze bugende burtya: ūzoba yarīriwe umwenda wese az’ awuhebere mugenzi we yawumurīriye; ntaz’ awishuze mugenzi we cank’ uw’i wabo, kuk’ ukwo guheberanira Uhoraho yashinze kuzoba kwatangajwe.