6 Nuko dushimikira kwubaka uruzitiro, rwose turaruhwanya, gushitsa rutimbanye; kukw abantu bari bashize umutima kur’ ico gikorwa.
Ariko jewe n’inda n’indēsho, nar’ iki, twe n’abantu banje, vyotumye dushobora gushikana n’imitima ikunze durtyo? Kuko vyose biva kuri wewe, kand’ ivyawe akaba ari vyo tuguhayeko.
Kandi rero, kubg’ urukundo nkunze iyo ngoro y’Imana yanje, har’ itunga ryanje nari mfise ry’amazahabu n’amafeza, na vyo ndabihaye iyo ngoro y’Imana yanje, bigereke ku vyo niteguriye iyo ngoro yera vyose;
Nuko Hezekiya agira akanyamuneza, bo n’abantu bose, kubg’ ivyo Imana yateguriye abantu, kuko vyakozwe giturumbuka.
Ntutwikire igicumuro cabo, ntusibanganye icaha cabo ngo kive imbere yawe, kukw ijambo ryabo ar’ akavunamutima ku bubatsi.
Bukeye Sanibalati na Tobiya n’Abarabo n’Abamoni n’Abanyashidodi bumvise yukw igikorwa co gusana uruzitiro rw’i Yerusalemu kija imbere, kandi yukw ibihengeri bitanguye kuzibirwa, bararaka cane,
Ku musi ugira mirongwibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli ni ho twarangije uruzitiro, tumaze imisi mirongwitanu n’ibiri turwubaka.
Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.
Yerusalemu, wubatswe Nk’igisagara c’icomeke:
Maz’ Uhoraho akangura umutima wa Zerubabeli yaganza i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, n’umutima wa Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki, n’imitima y’amasigarira yose y’iryo hanga; baraza batangura gukora ku ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo Imana yabo,
Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.
ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.