5 Ntutwikire igicumuro cabo, ntusibanganye icaha cabo ngo kive imbere yawe, kukw ijambo ryabo ar’ akavunamutima ku bubatsi.
ndamusēsekeko akirushe, acihebuye, ndamuce ivutu; maz’ abantu bari kumwe na we bose baza guca bahunga, mpeze nice umwami wenyene.
Nuko dushimikira kwubaka uruzitiro, rwose turaruhwanya, gushitsa rutimbanye; kukw abantu bari bashize umutima kur’ ico gikorwa.
Ukugabitanya kwa ba sekuruza ni kwibukwe n’Uhoraho; Ivyaha vya nyina vyoye gusibanganywa.
Ngirira ikigongwe Mana, kubg’ imbabazi zawe: Kubg’ isinzi ry’imbabazi zawe usibanganye ibicumuro vyanje.
Hisha inyonga zawe ivyaha vyanje, Usibanganye ibigabitanyo vyanje vyose.
Abantu bazosubizwa hasi, abahambaye bacishwe bugufi; nawe ntuz’ ubaharire.
Jewe, ni jewe nyene nsibanganya ibicumuro vyawe kubganje nyene, kand’ ivyaha vyawe sinzovyibuka ukundi.
Neyuye ibicumuro vyawe nk’igicu gitwaye intunda, n’ivyaha vyawe nk’igicu: garuka kuri jewe, kuko nagucunguye.
Yamara wewe, Uhoraho, urazi imihigo bampigiye yose yo kunyica; ntuharire igicumuro cabo, ntusibanganye icaha cabo ngo kive mu nyonga zawe: ariko batsindwe imbere yawe; abe ari k’ubagirira mu gihe c’uburake bgawe.
Ububi bgabo bgose ni bushike imbere yawe; Ubagirire nk’uko wangiriye umpōra ibicumuro vyanje vyose: Kuko kuniha kwanje ari kwinshi, kand’ umutima wanje ukaba udendebutse.
Alekisandero umucuzi yangiriye inabi nyinshi. Umwami wacu azomwishura ibikwiranye n’ivyo yakoze.