21 Uko ni ko twākora ico gikorwa; umuce umwe wo muri twebge bitwaza amacumu uhereye mu mutwenzi ugashitsa inyenyeri zibonetse.
none rero ni mwumva inzamba ivuze, muce mukoranira aho turi ah’ izoba ivugiye hose. Imana yacu ntizobura kuturwanira.
Ico gihe nyene mbarira abantu, nt’ Umuntu wese n’aze arāre i Yerusalemu azananye n’umuntu wiwe, kugira ngo duterame mw ijoro, ku murango dukore.
Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.
Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.
Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.
ico ni co kintamisha, mbirwanira nk’uk’ ubushobozi bgiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.