Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 avugira imbere ya bagenzi biwe n’imbere y’ingabo z’i Samariya, ati Barya bagoyigoyi b’Abayuda bakora ibiki? Mbega bagomba kwizitirira? Canke bazotanga ibimazi? Mbega bagomba kwubaka ngo buzuze ku musi umwe? None bozīkurura amabuye bayakūra mu bishingwe kandi yarahiye?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 4:2
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abantu bo mur’ ico gihugu badendebura amaboko y’Abayuda, bama bababurabuza mu kwubaka.


Igihe bāshikiriza Imana uruzitiro rw’i Yerusalemu, bāhamagaye Abalewi aho bāba hose, ngo baze i Yerusalemu ku musi mukuru wo kurushikiriza Imana banezerewe, ngo bashimishe indirimbo bafise n’ivyo kuvuza vyitwa matowazi bo n’amakembe n’inanga.


Uwo musi batanga ibimazi vyinshi, baranezerwa kukw Imana yar’ ibateye umunezero mwinshi; kandi n’abagore n’ abana baranezerwa, bituma umunezero ur’i Yerusalemu wumvikana kure.


Maz’ Abayuda baravuga, bat’ Abikorezi bacitse intege kuko har’ ibishingwe vyinshi; ntitugishoboye kwubaka uruzitiro.


Ku musi ugira mirongwibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli ni ho twarangije uruzitiro, tumaze imisi mirongwitanu n’ibiri turwubaka.


Baravuze, bati Ni muze tubarandure, ntibabe bakiba ihanga, Kugira ngw izina ry’Abisirayeli ntiribe ricibukwa ukundi.


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


riti Mbega ntiwiyumviriye ivyo aba bantu bavuga, ngw Imiryango yompi Uhoraho yatoranije yayicīye? Uko ni ko bakēngēra abantu banje, kuko bagira ngo ntibakir’ ihanga.


Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.


Uhoraho, numvise inkuru zawe, nabonye igikorwa cawe: Ewe Uhoraho, hēmbūra ico gikorwa cawe hagati mur’ iyi myaka, Hagati mur’ iyi myaka ukimenyekanishe; Mu burake wame wibuka kugira akagongwe.


Kur’ uwo musi Uhoraho azokīranira ababa i Yerusalemu; umunyantege nke wo muri bo kur’ uwo musi azomera nka Dawidi; kand’ inzu ya Dawidi izomera nk’Imana, nk’ umumarayika w’Uhoraho ar’ imbere yabo.


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


Arikw Imana yatoranije ibipfu vyo mw isi, ngw imāramāze abanyabgenge: kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw isi ngw imāramāze ibikomeye,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ