Nehemiya 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 avugira imbere ya bagenzi biwe n’imbere y’ingabo z’i Samariya, ati Barya bagoyigoyi b’Abayuda bakora ibiki? Mbega bagomba kwizitirira? Canke bazotanga ibimazi? Mbega bagomba kwubaka ngo buzuze ku musi umwe? None bozīkurura amabuye bayakūra mu bishingwe kandi yarahiye? အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.