19 Ndaheza mbgira abakuru n’abaganza n’ abandi bose, nt’ Igikorwa cacu ni kinini kigera kure, kandi turasanzaye hose ku ruzitiro, umuntu wese ari kure y’uwundi;
N’abubatsi, umuntu wese yakora yambaye inkota kw itako, akubaka artyo. Kand’ uwo kuvuza inzamba yama ar’ i ruhande yanje.
none rero ni mwumva inzamba ivuze, muce mukoranira aho turi ah’ izoba ivugiye hose. Imana yacu ntizobura kuturwanira.