18 N’abubatsi, umuntu wese yakora yambaye inkota kw itako, akubaka artyo. Kand’ uwo kuvuza inzamba yama ar’ i ruhande yanje.
Ni co catumye nshira abantu inyuma y’uruzitiro, mbashira mu myonga n’ahītārūye, ukw imiryango yabo iri, bitwaje inkota n’amacumu n’imiheto.
Nukw abubaka uruzitiro n’abikorezi n’ababakorera, umuntu wese yakoresha ukuboko kumwe, ukundi gufashe ikirwanishwa ciwe.
Ndaheza mbgira abakuru n’abaganza n’ abandi bose, nt’ Igikorwa cacu ni kinini kigera kure, kandi turasanzaye hose ku ruzitiro, umuntu wese ari kure y’uwundi;
uyo yobona inkota ije iteye igihugu, akavuza inzamba ngw abūrire abantu;
Kandi ni mwaba mu gihugu canyu, mugatabara kurwanya ababisha babateye, muze muvuze izo nzumbete ijwi rirengēra, maze muzokwibukwa nanje, Uhoraho Imana yanyu, mukizwe abansi banyu.