17 Nukw abubaka uruzitiro n’abikorezi n’ababakorera, umuntu wese yakoresha ukuboko kumwe, ukundi gufashe ikirwanishwa ciwe.
Ni co catumye nshira abantu inyuma y’uruzitiro, mbashira mu myonga n’ahītārūye, ukw imiryango yabo iri, bitwaje inkota n’amacumu n’imiheto.
Uhereye ico gihe mu bantu banje, igihimba cakoze ico gikorwa, ikindi gihimba bahagarara bitwaje amacumu n’inkinzo n’ imiheto, bambaye n’amakoti y’ ivyuma; kand’ abaganza bāri bahagaze inyuma y’Abayuda bose.
N’abubatsi, umuntu wese yakora yambaye inkota kw itako, akubaka artyo. Kand’ uwo kuvuza inzamba yama ar’ i ruhande yanje.
Ishimwe ryo gushira Imana hejuru ribe mu gahogo kabo, N’inkota ibe mu ntoke zabo,
Bose bitwaza inkota, kandi n’abahinga bo kurwana: Umuntu wese yambaye inkota kw itako ryiwe, Kubg’ ibiteye ubgoba vyo mw ijoro.
Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.
Nta wuca ku wundi, umuntu wese aramiriza ah’atumbereye; bīroha mu macumu, nta kibahagarika.
Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi.
kuko nugururiwe urugi runini ruja mu bikorwa bikomeye, kand’ abarwanizi bakaba benshi.
Abandi namba bāravyemerewe kuri mwebge, mbega ntitubarusha cane? Ariko ntitwarwaniye ivyo twemerewe, yamara twihanganira vyose, kugira ngo ntituzane ikidehesha ubutumwa bgiza bga Kristo.
mw ijambo ry’ukuri, mu bushobozi bg’Imana, dufise ibirwanishwa vy’ukugororoka vyo mu kuryo n’ivyo mu kubamfu;
ko mudakangwa n’abarwanizi ku kintu na kimwe; ico kizobera abo ikimenyetso co guhona, ariko mwebge ic’ agakiza, kandi kivuye ku Mana.
Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk’uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu.
narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.