15 Nukw abansi bacu bumva ko vyamenyekanye muri twebge; Imana ihindura ubusa imigabo yabo, natwe twese dusubira ku ruzitiro, umuntu wese ku gikorwa ciwe.
Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.
Nuko Abusalomu n’ abantu bose b’Abisirayeli baravuga, bat’ Inama ya Hushayi Umwaruki iruse inama ya Ahitofeli. Icabiteye n’uk’ Uhoraho yari yaragabiye gusambura izo nama nziza za Ahitofeli, kugira ngw ateze Abusalomu ivyago.
Uhereye ico gihe mu bantu banje, igihimba cakoze ico gikorwa, ikindi gihimba bahagarara bitwaje amacumu n’inkinzo n’ imiheto, bambaye n’amakoti y’ ivyuma; kand’ abaganza bāri bahagaze inyuma y’Abayuda bose.
Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.
Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu.
Ni muje inama, ariko zizopfa ubusa; ni muje ingingo, ariko ntizoshika, kukw Imana iri kumwe natwe.
Ni nk’umuntu yasize urugo rwiwe, aja mu kindi gihugu, asigarana abashumba biwe urugo, kand’ ahejeje kugerera umuntu wese igikorwa ciwe, abarira umuteramyi ngo yame agavye.
ku vy’ ugushishikara, ntimugire urwangara; mukovye mu mitima gukorera Umwami wacu.
Kandi mushishikare kwiyorosha, no gukora ivyanyu, no gukoresha amaboko yanyu, nk’uko twababariye,