Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 4:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 4:14
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.


ati Ni mushikame, mushire amanga, ntimutinye, ntimurandurwe imitima n’umwami w’i Ashuri bo na rirya sinzi ry’ ingabo riri kumwe na we; kuk’ Uwo turi kumwe ahambaye kuruta abari kumwe na we.


Ndavuga, nti Ndakwinginze, ewe Uhoraho, Mana Nyen’ ijuru, Mana nkuru uteye ubgoba, ukagumya isezerano n’ imbabazi ugirira abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe.


I burārūko hava ubgiza bukayangana nk’izahabu; Imana yambaye igitinyiro giteye ubgoba.


Nibutse imisi ya kera; Ndimbūra ivyo wakoze vyose: Ngereranya igikorwa c’amaboko yawe.


Bamwe bizigira imikogote, abandi bizigira amafarasi, Ariko tweho tuzokwizigira izina ry’Uhoraho, Imana yacu.


Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikīngira ubugingo bganje, ni nde azonca ivutu?


Uhoraho Nyen’ ingabo ari kumwe natwe, Imana ya Yakobo n’ubuhungiro bgacu. Sela.


Uzotwishurisha ibiteye ubgoba kubg’ ukugororoka, Mana y’agakiza kacu: Ni wewe vyizigiro vy’abo ku mpera zose z’isi, N’ivy’ abari kure ku kiyaga.


Mubgire Imana, mut’ Ereg’ ibikorwa vyawe biteye ubgoba! Ubushobozi bgawe bginshi buzotuma abansi bawe bose bakwunamira baguhema.


Ni muze murābe ibikorwa vy’Imana, Iteye ubgoba ku vyo igirira abana b’abantu.


Uhoraho ni we agira ngw abarwanire, namwe ni mwinumire gusa.


Atuma amagurudumu y’ imikogote yabo afata, ntiyaba igikwegeka neza. Maz’ Abanyegiputa baravugana, bat’ Enda duhunge, tureke Abisirayeli, kuk’ Uhoraho abatabara, ari we aturwanya.


Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;


Abakora ibibi vyo kurwanya isezerano azobazimirisha akarimi keza; arikw abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore ibikomeye.


Maz’ Uhoraho azokwisidukira, arwane n’ayo mahanga, nk’uko yahora arwana mu ntambara.


Mugabo ntimugararize Uhoraho, kandi ntimutinye ben’ ico gihugu: tuzobarya bga mutsima; icābakingira cabavuyeko, ariko tweho Uhoraho ari mu ruhande rwacu: nta co mubatinya!


Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Nti Rāba, Uhoraho Imana yanyu ico gihugu akibashize imbere; nti Dūga mucinjire, nk’uk’ Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yababariye; nti Ntimutinye, ntimuranduke imitima.


Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana isumba izindi, n’Umwami asumba abandi, n’ Imana ihambaye, n’Inyabushobozi iteye ubgoba, idatinya abantu ku kigohe, itarya ingurire.


Ni co gituma tuvuga dushize ubgoba, tut’ Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki?


None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.


Ashitseyo, avugisha inzamba mu mugamba w’Abefurayimu: Abisirayeli bamanukana na we bavuye mur’ uwo mugamba, abagiye imbere.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ