13 Ni co catumye nshira abantu inyuma y’uruzitiro, mbashira mu myonga n’ahītārūye, ukw imiryango yabo iri, bitwaje inkota n’amacumu n’imiheto.
Kand’ Abayuda bāba hafi yabo bama baza kutubūrira bava hirya no hino, mbere bātubūriye ibihetangabo cumi baja baragaruka aho turi.
Maze mbatumakw intumwa, mut’ Arikw arakora igikorwa gihambaye, ntashobora kuza; muti Ntiyota igikorwa ngo gihagarare, ngw amanuke abasange iyo.
Hahirwa ūgira neza, akagurāna abandi, Agakora ibikorwa vyiwe uburyo butunganye.
Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.
Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.