11 Kand’ abarwanizi bacu na bo baravuga, bati Nta co bazomenya canke ngo bagire ico babona, kugeza aho tuzobūbīrira tukabīca, igikorwa cabo kigaca kiburangana.
ndamusēsekeko akirushe, acihebuye, ndamuce ivutu; maz’ abantu bari kumwe na we bose baza guca bahunga, mpeze nice umwami wenyene.
Maz’ Abayuda baravuga, bat’ Abikorezi bacitse intege kuko har’ ibishingwe vyinshi; ntitugishoboye kwubaka uruzitiro.
Kand’ Abayuda bāba hafi yabo bama baza kutubūrira bava hirya no hino, mbere bātubūriye ibihetangabo cumi baja baragaruka aho turi.
Ariko twebge dusenga Imana yacu, dushiraho n’abarinzi bo kuharinda ku murango no mw ijoro, ngo tubabuze gutera.
Barakorana, bakinyegeza, Bakagenza ibirenge vyanje, Kuko babundiye ubugingo bganje.
Ni co kizotuma ivyago bigushikako, ntumenye amahezayo yavyo; ibara rikugweko, ntushobore kuryīkūrako, kand’ ubugesera utazi buzokuzako giturumbuka.
Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bīsiba yuko batazorya ntibanywe batarica Paulo.
None rero ntuje kubumvira, kukw abantu babo basāga mirongwine bamuryamiye, barahiye bīsivye ko batazorya ntibanywe bataramwica; kandi none bariteguye, barorereye ic’ uribubemerere.
Kuk’ ubganyu muzi neza yuk’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’ukw igisuma kiza mw ijoro.