10 Maz’ Abayuda baravuga, bat’ Abikorezi bacitse intege kuko har’ ibishingwe vyinshi; ntitugishoboye kwubaka uruzitiro.
Nukw ashirah’ ibihumbi mirongwirindwi ashinze ivyo kwikorera, n’abandi ibihumbi mirongumunani bāshinzwe kubāza amabuye ku misozi, n’abo kugaba abo bakozi ibihumbi bitatu n’ amajana atandatu, ngo babakoreshe.
ni bo bāgenda barāba ivy’ abikorezi, bagakoresha n’ abandi bose bakora igikorwa ic’ ari co cose; kand’ Abalewi bamwe bār’ abakarani n’abashingantahe n’abakumirizi.
Kand’ abarwanizi bacu na bo baravuga, bati Nta co bazomenya canke ngo bagire ico babona, kugeza aho tuzobūbīrira tukabīca, igikorwa cabo kigaca kiburangana.
avugira imbere ya bagenzi biwe n’imbere y’ingabo z’i Samariya, ati Barya bagoyigoyi b’Abayuda bakora ibiki? Mbega bagomba kwizitirira? Canke bazotanga ibimazi? Mbega bagomba kwubaka ngo buzuze ku musi umwe? None bozīkurura amabuye bayakūra mu bishingwe kandi yarahiye?
Ariko twebge dusenga Imana yacu, dushiraho n’abarinzi bo kuharinda ku murango no mw ijoro, ngo tubabuze gutera.
riti Mwana w’umuntu, Nebukadineza, umwami w’i Babuloni, yakoresheje ingabo ziwe igikorwa gikomeye aho yatera i Tiro: imitwe yazo yose yatobotse ubuhanza, no ku rutugu hose haramyoka: yamara nta ngororano yabonye, cank’ ingabo ziwe, mu vy’i Tiro, kubg’ igikorwa gikomeye yakoze, aho yahatera.
rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Iri hanga rivuga ngw Igihe ntikiragera, igihe co kwongera kwubaka ingoro y’Uhoraho.
Arikw abari baradūganye na we, bati Ntitwoshobora kudūga ngo turwanye abo bantu, kuko baturusha ubuhizi.
Kukw igihe bādūga, bakaja mu gihogoro citwa Eshikoli, bakitegereza ico gihugu, bāhavuye barandura imitima y’Abisirayeli, ngo boye kuja mu gihugu Uhoraho yabahaye.