9 Bakurikirwa na Refaya mwene Huri, umukuru aganza igice kimwe c’intāra y’i Yerusalemu;
akurikirwa na Yedaya mwene Harumafu, asana aherekeye inzu yiwe; na we akurikirwa na Hatushi mwene Hashabuneya.
Akurikirwa na Shalumu mwene Haloheshi, umukuru aganza ikindi gice c’i Yerusalemu nyene, na we arasana, bo n’abakobga biwe.
Hakurikira Nehemiya mwene Azibuki, umukuru aganza igice c’intāra y’i Beti‐suri, agenda arasana ashitsa aharābana n’imva za Dawidi, no ku kidengeri cāgomewe, arinda ashitsa no ku nzu y’abahizi.
Akurikirwa n’Abalewi, Rehumu mwene Bani, na we akurikirwa na Hashabiya, umukuru aganza igice c’ intāra y’i Keyila, asana akorera intāra yiwe.