6 Irembo rya kera ryasanwe na Yoyada mwene Paseya na Meshulamu mwene Besodeya; barishiramw’ imitambikwa yaryo, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.
Ariko Yonatani mwene Asaheli na Yahazeya mwene Tikuva ni bo bāvuye hasi bahakana iyo nama; kandi bafatanya na Meshulamu na Shabetayi Umulewi.
Maze baca haruguru y’irembo ry’Abefurayimu no kw irembo rya kera, no kw irembo ryitwa iry’ Amafi, no ku munara wa Hananeli, no ku wa Hameya, bashika kw irembo ry’intama; nuko bahagarara kw irembo ry’abateramyi.
Bakurikirwa n’ab’i Tekowa, arikw abapfasoni bo muri bo ntibarushe bemera gukora igikorwa ca Segaba.