4 Bakurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, mu kuhasana; na we akurikirwa na Meshulamu mwene Berekiya, Berekiya wa Meshezabeli; na we akurikirwa na Sadoki mwene Bayana.
Abo mu baherezi n’aba: abo mu ba Habaya, no mu ba Hakosi, no mu ba Baruzilayi, umwe yābiriye umugeni mu bakobga ba Baruzilayi w’Umunyagileyadi, agaca yitiranwa na sebukwe,
Maze ku musi ugira kane bagera ku munzane ayo mafeza n’ amazahabu n’ibindi bintu, babigerera mu ngoro y’Imana yacu, babishikiriza Meremoti mwene Uriya umuherezi, ari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi, kandi bari bafatanije na Yozabadi mwene Yosuwa na Nowadiya mwene Binuwi, b’Abalewi.
Kandi benshi bo mu Bayuda bari bafitaniye amasezerano na we, kuko yar’ umukwe wa Shekaniya mwene Ara, kand’ umuhungu wiwe Yohanani yar’ afise umukobga wa Meshulamu mwene Berekiya.
Abo mu baherezi ni bo aba: abo mu ba Habaya, no mu ba Hakosi, no mu ba Baruzilayi, umwe yābiriye umugeni mu bakobga ba Baruzilayi w’Umunyagileyadi, agaca yitiranwa na sebukwe,