Maze baca haruguru y’irembo ry’Abefurayimu no kw irembo rya kera, no kw irembo ryitwa iry’ Amafi, no ku munara wa Hananeli, no ku wa Hameya, bashika kw irembo ry’intama; nuko bahagarara kw irembo ry’abateramyi.
Bukeye Eliyashibu, umuherezi mukuru, hamwe na bagenzi biwe b’abaherezi, bashirako bubaka irembo ry’intama; bararihezagira, bashiraho n’inzugi zaryo; bakomeza kwubaka barinda bashitsa ku munara wa Hameya, na wo barawuhezagira; bavudukaho bashitsa no ku munara wa Hananeli.
Hakurikira Malikiya, umwe wo mu bacuzi b’izahabu, arasana ashitsa ku nzu y’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, no ku nzu y’abadandaza, aharābana n’ irembo ryitwa Hamifukadi, kugeza ahadūga haja ku mfuruka.
Bakurikirwa na Uziyeli mwene Harihaya, umwe wo mu bacuzi b’izahabu; na we akurikirwa na Hananiya, umwe wo mu bahinga bazi kwinjiza imibavu; nuko basana inzitiro z’i Yerusalemu bashitsa no ku ruzitiro rw’intimba nini.