Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Irembo ryitwa iry’ Amafi ryubakwa na bene Hasenaya, barishiramw’ imitambikwa yaryo, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 3:3
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo yubaka uruzitiro rw’amabuye, ruciye inyuma y’igisagara ca Dawidi, ruca ku ruhande rw’i Gihoni ruhera i burengerazuba mu mwonga, rukarinda rushika kw irembo ryitwa iry’ Amafi; arukīkūza i Ofeli, ararukuza, arugira rurerure cane; kand’ ashira abagabisha b’ingabo mu bisagara vyose vy’i Buyuda bizitiriwe inzitiro.


Ab’i Sena n’ibihumbi bitatu n’amajana atandatu na mirongwitatu.


Maze baca haruguru y’irembo ry’Abefurayimu no kw irembo rya kera, no kw irembo ryitwa iry’ Amafi, no ku munara wa Hananeli, no ku wa Hameya, bashika kw irembo ry’intama; nuko bahagarara kw irembo ry’abateramyi.


bo n’ icete nshira Asafu, umurinzi arinda icibare cawe, kugira ngw ampe ibiti vyo kubāza ibikingi vy’amarembo y’igihome c’abashibamyi co ku ngoro, bo n’ivy’ uruzitiro rw’igisagara n’ivy’ inzu nzobamwo. Nuk’ umwami arabinyemerera, abitewe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri jewe.


Bakurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, mu kuhasana; na we akurikirwa na Meshulamu mwene Berekiya, Berekiya wa Meshezabeli; na we akurikirwa na Sadoki mwene Bayana.


Irembo rya kera ryasanwe na Yoyada mwene Paseya na Meshulamu mwene Besodeya; barishiramw’ imitambikwa yaryo, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.


Bukeye babgira Sanibalati na Tobiya na Geshemu Umwarabo n’abandi bansi bacu, yuko nujuje uruzitiro kandi kw ata kirengero kigisigaye, naho ntaribgatere inzugi ku marembo.


Barangije kwubaka uruzitiro nca nterakw inzugi hose, ntora abashibamyi ndabashiraho, nongera nshirah’ abaririmvyi n’ Abalewi.


Ab’i Sena n’ibihumbi bitatu n’amajana cenda na mirongwitatu.


Kuko yakomeje imyugariro y’ ibirimba vyawe; Yahezagiye abana bawe baba muri wewe.


Maze kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, hazokwumvikana induru kw irembo ryitwa iry’ Amafi, n’umuborogo mu gice c’igisagara ca kabiri, n’ugusenyerana gukomeye kuzokwumvikana mu misozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ