29 Hakurikirako Sadoki mwene Imeri, asana ahahereranye n’inzu yiwe; hakurikira Shemaya mwene Shekaniya, umushibamyi w’irembo rihera i burasirazuba.
Mwene Hananiya ni Pelatiya, uwa Pelatiya ni Yeshaya, uwa Yeshaya ni Refaya, uwa Refaya ni Arunani, uwa Arunani ni Obadiya, uwa Obadiya ni Shekaniya;
Maze Shekaniya mwene Yehiyeli, umwe wo mu bandurutse kuri Elamu, abgira Ezira, ati Twacumuye ku Mana yacu, ko twābiriye abanyamahangakazi bo mu mahanga yo mur’ ibi bihugu; yamara naho bimeze birtyo haracar’ ivyizigiro vy’ukw Abisirayeli bokira.
Abo mu ba Imeri n’igihumbi na mirongwitanu na babiri.
na Mahaziya na Biligayi na Shemaya; abo ni bo baherezi.
Haruguru y’irembo ry’amafarasi hasanwa n’abaherezi, umuherezi wese asana ahahereranye n’inzu yiwe.
Akurikirwa na Hananiya mwene Shelemiya, na Hanuni umuhungu agira gatandatu wo muri bene Salafu, basana ikindi gihimba; hakurikira Meshulamu mwene Berekiya, asana ahahereranye n’icumba ciwe.
ugende ushike mu mwonga wa mwene Hinomu, aherekeye mw ishikiro ry’irembo ry’ababumvyi, uhavugire amajambo nkubarira: