28 Haruguru y’irembo ry’amafarasi hasanwa n’abaherezi, umuherezi wese asana ahahereranye n’inzu yiwe.
Nuko baramukinjurira, ajana inzira amafarasi yatahana aja mu rugo rw’umwami; bamwiciraho.
Nuko baramukīnjūrira, ajana inzira ishika kw irembo ry’amafarasi rija mu rugo rw’umwami; bamwiciraho.
akurikirwa na Yedaya mwene Harumafu, asana aherekeye inzu yiwe; na we akurikirwa na Hatushi mwene Hashabuneya.
Na bo bakurikirwa na Benyamini na Hashubu, basana aharābana n’ inzu yabo; bakurikirwa na Azariya mwene Mayaseya, Mayaseya wa Ananiya, asana ahabangikanye n’inzu yiwe.
Hakurikirako Sadoki mwene Imeri, asana ahahereranye n’inzu yiwe; hakurikira Shemaya mwene Shekaniya, umushibamyi w’irembo rihera i burasirazuba.
Kand’ umwonga wose uhambgamw’ imivyimba ugatābgamwo n’umunyota, n’indimiro zose ukarinda ushitsa ku mugezi Kidironi, ugashitsa no ku mfuruka y’irembo ry’amafarasi aherekeye i burasirazuba, hose hazoba ahēra h’ Uhoraho; ntihazokwongera guhomvorwa ngo hasangangurwe gushitsa ibihe bidashira.