Nehemiya 3:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)26 bo n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero bāba muri Ofeli; basana ahahereranye n’irembo ry’amazi ryerekeye i burasirazuba, bo n’ umunara wometseko. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Hanyuma y’ivyo yubaka uruzitiro rw’amabuye, ruciye inyuma y’igisagara ca Dawidi, ruca ku ruhande rw’i Gihoni ruhera i burengerazuba mu mwonga, rukarinda rushika kw irembo ryitwa iry’ Amafi; arukīkūza i Ofeli, ararukuza, arugira rurerure cane; kand’ ashira abagabisha b’ingabo mu bisagara vyose vy’i Buyuda bizitiriwe inzitiro.
Kandi n’abandi bantu bose, abaherezi n’Abalewi n’abashibamyi n’abaririmvyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abandi bose bamaze kwitandukanya n’amahanga yo mu bihugu, kugira ngo bitondere ivyagezwe vy’Imana, hamwe n’abagore babo n’abahungu babo n’abakobga babo, umuntu wese aciye ubgenge ashobora kubitahura;