Maze Yosuwa arīnega hamwe n’abahungu biwe na bagenzi biwe, na Kadimiyeli n’abahungu biwe, ari bo bandurutse kuri Yuda, baja gukoresha abakozi bakora igikorwa c’ingoro y’Imana, bafatanije na bene Henadadi n’ abahungu babo n’Abalewi bagenzi babo.
Hakurikira umukuru w’i Misipa, ni we Ezeri mwene Yeshuwa, asana igihimba kirābana n’ahadondagirwa hadūga ku nzu y’ ibirwanishwa iri ku mfuruka y’ uruzitiro.
Na bo bakurikirwa na Benyamini na Hashubu, basana aharābana n’ inzu yabo; bakurikirwa na Azariya mwene Mayaseya, Mayaseya wa Ananiya, asana ahabangikanye n’inzu yiwe.