Aravuga, ati Kur’ abo, ibihumbi mirongwibiri na bine baze bashikirizwe igikorwa co ku ngoro y’ Uhoraho; abandi ibihumbi bitandatu baze babe abashingantahe n’ abacamanza;
Maze Yosuwa na Bani na Kadimiyeli na Shebaniya na Buni na Sherebiya na Bani wundi na Kenani bahagarara ahataramutse hubakiwe Abalewi, bashira ijwi hejuru batakambira Uhoraho Imana yabo.