Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 3:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Hakurikira Nehemiya mwene Azibuki, umukuru aganza igice c’intāra y’i Beti‐suri, agenda arasana ashitsa aharābana n’imva za Dawidi, no ku kidengeri cāgomewe, arinda ashitsa no ku nzu y’abahizi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 3:16
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Hezekiya, n’ivy’ ubuhizi bgiwe bgose, n’ingene yimvye ikidengeri, agaca umugende wo kuzana amazi mu gisagara, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?


Mwene Shamayi ni Mayoni; kandi Mayoni ni we se wa Beti‐suri.


Bamuhamba mu mva yiwe yiyimbishirije mu gisagara ca Dawidi, bamurambika ku buriri bguzuye ibintu bitāmirana n’ ibintu bimoga vy’amoko yose, vyinjijwe n’abahinga bābimogoreye; bamwosereza imibavu myinshi cane.


Maze nkomeza inzira nshika kw irembo rija kw iriba, nshika no ku kidengeri c’umwami, ariko ntihaboneka inzira ifarasi nagenderako icamwo.


Akurikirwa na Shalumu mwene Haloheshi, umukuru aganza ikindi gice c’i Yerusalemu nyene, na we arasana, bo n’abakobga biwe.


Iryo rembo ricishwamw’ umwavu ryasanwe na Malakiya mwene Rekabu, umukuru aganza intāra y’i Beti‐hakeremu; araryubaka, aterakw inzugi zaryo n’ ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.


Akurikirwa n’Abalewi, Rehumu mwene Bani, na we akurikirwa na Hashabiya, umukuru aganza igice c’ intāra y’i Keyila, asana akorera intāra yiwe.


Bakurikirwa na Refaya mwene Huri, umukuru aganza igice kimwe c’intāra y’i Yerusalemu;


nigomereye amazi ngw avomerwe ingemwe z’ibiti vyatewe;


Erega n’inderuzo ya Salomo: Har’ abahizi mirongwitandatu bayikikije, Bo mu bahizi b’Abisirayeli.


Amazi yo mu kidengeri ca kera muyacira urugomero hagati y’inzitiro zompi: ariko ntimwasubiza ijisho ku wari yarakoze ivyo, kandi ntimwashira umutima ku wabiremye kera cane.


Mubona ibirengero vy’ibizitiriye umurwa wa Dawidi kw ari vyinshi; mugomera amazi yo mu kidengeri co hepfo.


Maz’ Uhoraho abarira Yesaya, ati Sohoka non’ ubu, uje gusanganira Ahazi, wewe na Sheyari‐yashubu umwana wawe, murahūrira ah’ umugende wo ku kidengeri co haruguru ugarukira, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi;


Bagabo bene Data, s’ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebge na bugingo n’ubu.


Hāri na Halihuli na Beti‐suri na Gedora,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ